Uko wahagera

Reta ya Chadi n'Abayirwanya Bateye Igikumu ku Masezerano Ahagarika Ingwano


Reta ya Chadi n'abayirwanya batera igikumu ku masezerano y'amahoro

Reta ya gisirikare ya Chad yateye igikumu ku masezerano yo guhagarika ingwano hagati yayo n'imirwi irwanya ubutegetsi irenga 40 hamwe n'abatavuga rumwe na reta. Ifashe iyo ngingo imbere y'ibiganiro vyo kunywanisha abanyagihugu bitegekanijwe mu gihugu. Yamara umurwi ukomeye urwanya ubutegetsi, nturi muri ayo masezerano.

Hisunzwe ayo masezerano yateweko igikumu mu gisagara ca Doha, impande zayateyeko igikumu zemeye guhagarika kurwana imbere y’ibiganiro bitegekanijwe kw’italiki 20 y’uku kwezi kw’umunani ku murwa mukuru wa Chad, N’Djamena.

Igisirirake ca Chad cemeye kandi kudatera imirwi yemeye gushira igikumu kuri ayo masezerano. Yamara umurwi ukomeye urwanya ubutegetsi, ntiwateye igikumu kuri ayo masezerano yo guhagarika ingwano. Uwo murwi wagirizwa ko ariwo wishe uwahoze ari prezida wa Chad, Idriss Deby Itno mu mwaka w’i 2021.

Kuba uwo murwi utari mu masezerano vyatumye abatari bake bibaza niba azoba ahagije kugira ibiganiro bigende neza mu gihugu. Ni mu gihe ikiringo c’imfatakibanza c’amezi 18 co kuva mu ntwaro ya gisirikare kugira ubutegetsi busubire mu minwe y’abasivile no mu nzira ya demokrasi, kiriko kirarangira.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres yahayagije impande zose zashitse ku masezerano muri Chad ku twigoro twazo mu nzira y’amahoro, turiko turagira intambwe muri iki gihe. Umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya washimagije ayo masezerano yashitsweko. Uyu musi watangaje ko ari intambwe ikomeye ku vyerekeye ikiringo mfatakibanza. Wasavye kandi ko impande zose zija muri ayo masezerano kugira igihugu gisubire ku ntwaro yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Ned Price, nawe nyene yahayagije utwigoro tw’ugushika ku masezerano. Yashimiye kandi akigoro Qatar k’ugutuma ayo masezerano ashikwako. Yamenyesheje ko ari intambwe ikomeye ku vyerekeye ikiringo mfatakibanza muri Chad.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG