Uko wahagera

Isirayeri Yuguruye Uruhande Rumwe rw'Umupaka wa Gaza


Kuri uno musi wa mbere Isirayeri yuguruye uruhande rumwe rw’umupaka wayo
winjira muri Gaza mu ntumbero yo gutabara imbabare. Ico gice c’umupaka kigiye kuguma cuguruwe mu gihe amasezerano y’amahoro hagati ya Isirayeri n’umurwi w’abagwanyi b’umuhari Jihad bo muri Palestiniya acubahirijwe.

Isirayeri ivuga ko izokwugurura umupaka wose ibonye ko umutekano ubandanije.
Bwari bubaye ubwa mbere kuva mu ndwi iheze uwo mupaka na Gaza wugururwa. Ni mu gihe uno musi haboneka ibikamyo bitwaye ibitoro vyinjira muri Isirayeri

Igihugu ca Misiri ni co cafashije muri ayo masezerano y’amahoro mu karere ka Gaza hagati ya Isirayeri n’abagwanyi b’abaislamu ku musi wa mungu. Ayo masezerano yaje guhagarika intambara ikomeye yamaze imisi 11, itaribwibonekeze hagati ya Isirayeri na Hamas kuva mu mwaka uheze.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Gaza butangaza ko abantu 31
bahitanywe n’ibitero hagati ya Isirayeli n’abagwanyi ba Hamas. Mu bitavye Imana
harimwo abana 6, yamara Isirayeli ivuga ko idafise uruhara mu rupfu rw’abantu bashika kuri 9 mu bishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG