Uko wahagera

Sudan: Perezida Kiir Yirukanye Ministri w'Imali na Guverineri wa Banki Nkuru


Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir yirukanye mu mabanga yabo umushikiranganji ajejwe ikigega n'umuyobozi w'ibanki nkuru y'igihugu, nk'uko bitangazwa n'itegeko ryasomewe kuri televiziyo ya reta uno musi ku wa gatanu.

Iryo tangazo rimenyesha ko ko Prezida Kiir yagenye Dier Tong Ngor mu mabanga y’umushikiranganji mushasha ajejwe

ikigega. Asubiriye uwitwa, Agak Acuil Lual yari muri ayo mabanga.

Icegera c’umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu, Johnny Ohisa Damian yasubiriye vy’agateganyo uwari ayiyoboye Moses Makur Deng.

Nta mpmvu yatanzwe ku ngingo Prezida Kiir yafashe y’uguhindura abo bategetsi.

Dier Tong Ngor yari yagenywe kuyobora ibanki nkuru y’igihugu mu mwaka w’i 2020. Bwari ubugira kabiri ico gihe umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu ahindurwa.

Agaka Acuil Lual yari yagenywe mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe ikigega mu mwaka w’i 2021. Akaba ku musi wa gatatu yari yashikirije inama nshingamateka amafranga azokoreshwa mu mwaka w’i 2022 ushira uw’i 2023.

Ubutunzi bwa Sudani yo mu bumanuko bwifashe nabi cane kuva ingwano yadutse muri ico gihugu mu mwaka w’i 2013. Yatumye abanyagihugug bagera ku 250,000 bahungira mu bihugu bibanyi.

Ingwano mu gihugu kandi umwumbu w’ibitoro, bifise uruhara rukomeye cane mu butunzi bw’igihugu, yongera igeramira kandi n’ibindi bisata nk’uburimyi bwagabanutse bikomeye mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG