Uko wahagera

Malawi: Abaforoma Basaba Kwemererwa Kuja Gukorera muri Amerika


Malawi Polio Vaccination Drive
Malawi Polio Vaccination Drive

Sendika y’abaforoma muri Malawi yasavye Perezida Lazarus Chakwera kwemerera abaforoma bashika 2.000 kuja gukorera muri Reta zunze ubumwe za Amerika no muri Arabiya Sawudite. Abo baforoma basavye ibi inyuma y’aho reta ihagarikiye uyo mugambi.

Sendika y’abaforoma muri Malawi yatangaje uwo mugambi mu kwezi guheze, ivuga ko ata yandi mahitamwo bafise atari gusaba akazi mu mahanga bivanye n’ubushomeri burenze burangwa muri Malawi.

Ubushikiranganji bujejwe abakozi n’akazi muri Malawi ku musi wa kabiri bwategetse ko uwo mugambi w’abaforoma uhagarikwa, buvuga ko ata bubasha bahabwa n’amategeko bwo gutwara abenegihugu mu mahanga.

Reta ya Malawi iheruka kuvuga ko idashobora gutanga akazi ku bandi baforoma muri iki gihe, kubera ubukene bw’amafaranga mu kigega ca reta.

Perezida Chakwera gushika ubu ntaco aravuga kuvyo asabwa n’abaforoma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG