Uko wahagera

HCR Iragabisha ko Ishobora Guhagarika Gufasha Abanyagihugu muri Kongo


Abateshejwe ingo zabo bariko bahabwa ibifungurwa na HCR mw'ikambi y'i Kibati, muri Kivu y'uburaruko, kw'itariki ya 2/12/2008
Abateshejwe ingo zabo bariko bahabwa ibifungurwa na HCR mw'ikambi y'i Kibati, muri Kivu y'uburaruko, kw'itariki ya 2/12/2008

Ikigo ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kivuga ko kigiye guhagarika gufasha amamiliyoni y’abanyagihugu bataye ingo zabo hamwe n’impunzi muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, mu gihe kitoronswa uburyo bw’amafaranga mu buryo bwihuta.

HCR ivuga ko yahawe gusa ibice 19 kw’ijana vy’imiriyoni 225 z’amadolari yasavye yo gukoresha muri uyu mwaka mu bikorwa vyo gufasha impunzi muri Kongo.

Umuyobozi wa HCR ajejwe igisata c’imigenderanire, Dominique Hyde, inyuma y’urugendo aherukamwo muri Kongo, avuga ko HCR itagishobora no gufashisha abantu n’ivya nkenerwa vy’ibanze.

Avuga ko ibi bisigura ko abagore, abana, abagabo n’abahungu bateshejwe ingo zabo bagiye kuzoza barara mu masengero, mu mashure, mu masitade hanze. Canke bagiye kuzoca bahitamwo gusubira mu mihana yabo bahunze bongere bagabweko ibitero nka mbere.

Repubulika ya demokarasi ya Kongo nico gihugu ca mbere ku mugabane wa Afrika kirimwo abateshejwe ingo zabo n’intambara benshi. Gifise abarenga imiriyoni 5.6 bahungiye mu gihugu hagati hamwe n’impunzi n’abasaba ubuhungiro barenga igice c’umuriyoni.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG