Uko wahagera

Somaliya: Uwahoze mu Buyobozi bw'Abarwanya Ubutegetsi Yagenywe muri Reta


Mukhata Robow, yahoze mu buyobozi bw'abarwanya ubutegetsi muri Somaliya

Mukhata Robow, yahoze ari icegera c’umuyobozi w’umurwi urwanya ubutegetsi muri Somalia, yagenywe muri reta ya Somaliya. Yahawe amabanga y'umushikiranganji ajejwe ibibazo bijanye n'idini. Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hamza Abdi Barre, yatangaje reta yiwe mu birori vyabereye ku murwa mukuru, Mogadisho, uno musi ku wa kabiri.

Mu vyatangajwe, Robow azwi kandi kw’izina rya Abu Mansour yarekuwe avuye ku cicaro c’ibiro bijejwe iperereza mu gihugu ejo ku musi wa mbere mu ntumbero y’ukwitegurira gutangazwa mu bagize reta yashizwe ahabona uno musi ku wa kabiri.

Abou Mansour yari apfunzwe kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2018 igihe inteko za Reta ya Somaliya zifashijwe n’inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika zituruka muri Etiyopiya zamufata zikamupfungira mu gisagara ca Baidoa mu ntumbero yo kumubuza kuyobora intara iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Somaliya.

Inyuma y’aho afatiwe, abamushigikiye baciye bagira imyiyerekano yabayemwo uruhagara n’ubwicanyi. Abantu 15 barahasize ubuzima inyuma y’uko barashwe n’inteko zijejwe umutekano zo mu karere ka Baidoa.

Igenwa rya Abou Mansour mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe ibibazo bijanye n’idini bisa n’uko ari akigoro ko kuraba ukuntu yohangana n’ivyiyumviro vy’umurwi al-Shabab. Azoba ajejwe kugerageza gushira mu ngiro imigambi mishasha ya reta ku bijanye n’umurwi w'iterabwoba al-Shabab.

Abu Mansour yaronse imyimenyerezo ya gisirikare y’umurwi al-Qaida muri Afghanistani. Yarabaye umuvugizi w’umurwi al-Shabab, mu nyuma y'aho aba icegera c’umuyobozi w’uwo murwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG