Umuntu umwe yarishwe, abandi batari bake barakomereka, mu gihe abandi barenga 100 bahagaritswe mu myiyerekano y'ukwiyamiriza Reta y'igihugu ca Guineya yabareye ku murwa mukuru, Conakry, ku musi wa kane.
Iyo myiyerekano yatewe n’impungenge z’abanyagihugu ko abasirikare bayoboye igihugu bagize kudeta mu kwezi
kw’icenda mu mwaka uheze batariko bihuta bihagije ku vyerekeye gusubizaho intwaro y’igisivile.
Abagize umuhari ujejwe gukingira ibwirizwa shingiro muri Guineya batangaje ko bababajwe n’umuntu yishwe arashwe urusasi, abatari bake bakomerekejwe n’insoro hamwe n’abandi batari bake bahagaritswe.
Igipolisi nticemeje uwo muntu yishwe. Umupolisi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yatangaje abantu 88 bakomeretse, harimwo abapolisi 12.
Umwe mu bayoboye umuhari ujejwe gukingira ibwirizwa shingiro, Ibrahima Diallo, yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa gatanu ko abantu 102 bahagaritswe, 23 muribo barungikwa mw’ikambi y’igisirikare mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatanu.
Yari imyiyerakano ikomeye igira kabiri y’ukwiyamiriza abategetsi b’abasirikare bakoze kudeta muri Guineya ibaye mu mezi ya vuba.
Uumutegetsi mukuru w’abagize kudeta, akaba ariwe ayoboye Guineya vy’agateganyo, Mamady Doumbouya, yatanze amezi 36 y’ikiringo mfatakibanza kizoshikana ku matora.
Abategetsi bo mu karere n’abanyapolitike batavuga rumwe na reta baravyiyamirije.
Facebook Forum