Donald Trump yahoze ari prezida w'Amerika, ari mu rugendo i Washington DC ku murwa mukuru w'Amerika. Donald Trump azomara iminsi ibiri I Washington DC, ashikiriza amajambo atandukanye ya politike mu nama yateguwe n’ikigo citiriwe icivugo ciwe “America First”. Bisigura mu kirundi no mu kinyarwanda: “Amerika imbere ya vyose.”
Itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika, AP, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru, ryatangaje ko ikigo, America First, coba kiriko kirakorera ku migambi itandukanye itegurira Trump kwitoreza manda ya kabiri mu 2024. AP, ibandanya ivuga ko abahanuzi ba Trump bamusavye bashimitse kumara umwanya mumini avuga imigambi yiwe ya kazoza, ha guteba ku matora yo mu 2020, yakomeje kuvuga ko yagenze nabi.
Ikigo America First, kigizwe n’incuti magara za Trump zirimwo abahoze muri reta yiwe, n’abandi bashigikiye imyumvire yiwe. Kibonwa nk’ikigo kigizwe n’abo yoshira mu mabanga atandukanye ari nka hamwe yoramuka asubiye kuramustwa Amerika.
Brooke Rollins atwara ico kigo, yavuze ko ata nkeka amajambo ya Trump aza kuba ari amajambo y’"inkoramutima, arimwo inyigisho nyinshi", agira ati: “Ni nk’amajambo abaprezida b’Amerika bashikiriza abanyagihugu ba Amerika n’amakungu uko umwaka utashe.”
Kuva Donald Trump ava ku butegetsi mu 2021, ni ubwa mbere agarutse I Washington DC ku murwa mukuru w’Amerika. Urugendo rwiwe ruje mu gihe bamwe mu ba republikane bashobora kuba abakeba biwe mu matora ya prezida yo mu 2024, berekana badahisha ko badashigikiye ko yoserukira umugambwe wabo.
Akarorero ni nka Mike Pence yahoze ari visi prezidaza wa Trump: biciye mu majambo yiwe yerekana ko atumva kumwe ibintu n’uwo bahoze bafashanya gutwara Amerika. Mu gatondo k’uno wa kabiri mike Pence yavugiye ijambo muri Fondasiyo yitwa Heritage, ifise icicaro impande y’ikigo Trump arimwo. Ijambo rya Mike Pence ryashimikiye cane cane ku kwerekana ico yise “ Ingendo y’abantu bashima kuguma mu vy’akahise aho kujana n’ibihe.” Pence yagize ati:” Abaguma mu mateka ya kahise, babwirizwa kwerekeza amaso imbere, nitwabikora uko, ntituzotsinda amatora yimirije gusa, ahubwo tuzohindura amateka y’Amerika ya kazoza ku neza y’abacaruka.
Facebook Forum