Uko wahagera

Libya: Abantu 9 Baguye mu Ntambara y'Abarwaniraa Ubutegetsi i Tripoli


Iyo ngwano yabereye mu gice c’umurwa mukuru kirimwo ibiro bitari bike vya reta n’amashirahamwe mpuzamakungu, hamwe n’inyubakwa z’abaserukira ibihugu vyabo muri Libiya. Yatandukiye kandi ibindi bice vyitwa Ain Zara na Asbaa.

Iryo tana mu mitwe ryatanguye imbere y’isaha zitandatu zo mw’ijoro amasa y’i Tripoli rikaba ryamaze amasaha atari make.

Iyo mirwi yabandanije kurasaba gushika mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu inyuma y’uko habaye agahengwe.

Yamara ibintu vyasa n’ibitekanye mu masaha yo ku muhingamo uno musi ku wa gatanu mu bice vyo hagati ku murwa mukuru, aho imodoka zaturiwe zagaragara mu mabarabara mu gihe izindi zari zuzuye ibitoboro vy’insoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG