Uko wahagera

USAID Yahaye Kenya Miliyoni $225 Yo Gugangana n'Ingaruka z'Izuba


Abagore bo muri Turkana bavuye gushaka inkwi banyura iruhande rw'inka yapfuye mu karere ka Loiyangalani, kamwe mu twazahajwe n'amapfa ahitwa Marsabit mu majyaruguru ya Kenya,12/7/ 2022.
Abagore bo muri Turkana bavuye gushaka inkwi banyura iruhande rw'inka yapfuye mu karere ka Loiyangalani, kamwe mu twazahajwe n'amapfa ahitwa Marsabit mu majyaruguru ya Kenya,12/7/ 2022.

Ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID, kizoha Kenya imfashanyo yihutirwa y'imiliyoni 255 y'amadolari ijejwe guhangana n'ingaruka z'uruzuba.

Umuyobozi w’ikigo, USAID, Samantha Power yabwiye abamenyeshamakuru i Nairobi muri Kenya ko imfashanyo ikigo ayoboye catanze yiyongera ku yindi miliyoni 65 y’amadolari caza caratanze muri uyu mwaka. Yasiguye ko ingwano muri Ukraine yongereje ububabare bw’abanyagihugu muri Kenya mu bindi bice vyo mu karere ko mu buseruko bwa Afrika.

Reta ya Kenya ivuga ko abantu imiliyoni zine n’ibihumbi 100 muri ico gihugu bafise ibibazo vy’ibifungurwa. Ico gitigiri ciyongeye mu kuva ku miliyoni 3 n’ibihumbi 800 mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka.

Margaret Kobia, umushikiranganji ivyerekeye igitsina n’abageze mu zabukuru hamwe n’imigambi idasanzwe muri Kenya yatangaje ko reta imaze gukoresha imiliyaridi 12 n’imiliyoni amajana atandatu y’amashilingi mu gikorwa c’ugufasha abanyagihugu basinzikajwe n’ingaruka z’uruzuba. Yongeyeho ko yamara bagikeneye iyindi miliyaridi 15 y’amashilingi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG