Uko wahagera

OMS Yatangije Urucanco rwa Malariya


Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryateye indi ntambwe yo gutangiza urucanco rw’indwara ya malariya mu bihugu bitatu vy’Afrika. Ishirahamwe, "Bill and Melinda Gates Foundation" ryarahagaritse gutanga amafranga ajejwe gufasha ku bijanye n’urwo rucanco ryerekana impungenge ku kamaro kazo.

Bamwe mu bahinga mu vy’ubumenyi baratangajwe n’ingingo y’ishirahamwe ”Bill and Melinda Gates Foundation” Bamenyesheje ko ishobora gutuma abana imiliyoni n’imiliyoni muri Afrika bahitanywa na malariya kandi ko bizogira ingaruka muri kazoza ku vyerekeye gutorera inyishu ibibazo bikomeye bijanye n’amagara y’abantu.

Urucanco rujejwe gukingira indwara ya malariya rugurishwa n’isosiyete GlaxonSmithKline, rwitwa Mosquirix, rukora neza ku bice 30 mkw’ijana, rukaba rusaba dose 4.

Umuyobozi ajejwe imigambi ijanye na malariya mw’ishirahamwe, “Gates Foundation”, Philip Welkhoff, yatangaje ko basanze urugero ruri hasi rw’ugukora neza kw’urucanco rwa malariya kuruta uko bavyipfuza.

Yariko asigura ingingo y’iryo shirahamwe y’uguhagarika gushigikira urwo rucanco inyuma y’uko rikoresheje amafranga arenga imiliyoni 200 y’amadolari kuri uwo mugambi, hamwe n’imyaka itari mike y’ugutuma urwo rucandago rushika kw’isoko.

Bibaye mu gihe amakungu ahanganye bikomeye n’ukurwanya ukwiyongera kw’indwara ya malariya kuva ikiza ca Covid-19 kigeramiye utwigoro tw’uguhagarika iyo ndwara yahitanye abantu 620,000 mu mwaka w’i 2020. Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryashigikiye urucanco rwa malariya mu mwaka uheze mu kuvuga ko ari intambwe ikomeye cane mu rugamba rw’ukuyirwanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG