Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w'Ubutaliyano Yatanze Imihoho


Reta ya Mario Draghi yasenyutse ku musi wa gatatu inyuma y’uko abayigize banse gushigikira akamo kiwe k’ugukorera hamwe kugira barangize ikiringo c’inama nshingamateka, hamwe n’ugushira mu bikorwa imigambi y’ukwogorora ku kiza ca Covid-19 ihabwa amafranga n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya.

Bishobora kuzotuma haba amatora y’imbere y’igihe. Draghi yashikirije ikete y’ugutanga imihoho Prezida Sergio Mattarella, mu nama yagiranye nawe mu biro vyiwe mu gitondo c’uno musi ku wa kane.

Ibitangazamakuru mu Butaliyano ntivyakiye neza amakuru y’uyu musi ku wa kane, mu gihe Ubutaliyano buhanganye n’ibiciro vy’ibintu ngenderwako n’amasoko ntanganguvu bitera vyiyogngera cane, hamwe n’ibitero vy’Uburusiyamuri Ukraine.

Prezida Sergio Mattarella yari yahisemwo Draghi kuba umushikiranganji wa mbere mu mwaka uheze.

We na reta y’ubumwe bari bajejwe gukura igihugu mu bibazo vyetewe n’ikiza ca Covid-19 hamwe n’ugutegekanya uburyo bazokoresha amafranga y’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya ajejwe gufasha kwogorora kw’ibihugu vy’uwo muryango inyuma y’ico kiza.

Vyari bitegekanijwe ko Prezida Mattarella abonana n’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka ku muhingamo wo ku musi wa kane, imbere y’uko ashikiriza itangazo ku migambi afise.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG