Uko wahagera

Arabiya Sawudite Yuguruye Kirere Cayo ku Ndege Zitwara Abantu Zo muri Isirayeri


Iyo ngingo irangije iyari imaze igihe yaziririza indege za israyeri gukoresha ikirere cayo. Ni intambwe ikomeye mu ntumbero y'ugususbira kugirana imigenderanire myiza hagati ya Arabiya Saudite na Israyeri.

Arabiya Sawudite ifashe iyo ngingo mu gihe prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden ariko agendera akarere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Mu butumwa ku rubuga Twitter, amasaha makeyi imbere y’uko bitegekanijwe ko Prezida Biden aba umuprezida wa mbere wa Amerika azoba agize urugendo n’indege avuye muri Israyeri aja muri Arabiya Sawudite atabanje guca ahandi, urwego rw’igihugu rujejwe indege zitwara abantu rw’ico gihugu rwatangaje ko rwafashe ingingo y’ukwugurura ikirere carwo ku ndege zose zitwara abantu za Israyeri zikwije ibisabwa.

Mu myaka ya vuba Arabiya Sawudite yararekuriye indege indege zitwara abantu zigira uruja n’uruza hagati ya Israyeri n’ibihugu vyo mu kigobe c’abarabu gukoresha ikirere cayo.

Imigenderanire myiza hagati ya Arabiya Sawudite na Israyeri bizotuma ivyo bihugu bishira hamwe inguvu zavyo mu kurwaniriza hamwe igihugu ca Irani kiriko kirondera gukomeza igihagararo caco mu karere ko mu buserukdo bwo hagati bw’isi.

Muri ico gihe amashirahamwe yo mu gisata c’ibitoro n’umwuka utanga inguvu yo muri Amerika yakiye neza urugendo rwa Prezida Biden muri Arabiya Sawudite. Yamusavye kugendera ibibanza vy’amasoko ntanganguvu muri Amerika mu gihe hari ibibazo vy’umwuka utanga inguvu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG