Uko wahagera

Umurwi w'Ubumwe no Kunywanisha Abarundi Watanguye Imirimo Yawo


Abagize CNUNR

Kuri uyu wa kane hatangujwe icese ibikorwa vy'Inama y'Igihugu y'Ubumwe no Kunywanisha Abarundi, i Bujumbura. Iyo nama nkuru y'igihugu yatangaje ko igiye kwihutira gufasha kunywanisha Abarundi mu butandukane bwabo bw'ubwoko n'imigambwe kugira ntibasubire gucanamwo ngo haduke indyane nk'izadutse mu mwaka w'2015.

Inama y’igihugu y’Ubumwe no Kunywanisha Abarundi (Conseil National pour l’Unite et la Réconciliation), irategekanijwe n’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w’2018. Mu birori vyo gutanguza icese ibikorwa vy’iyo nama, Olivier Nkurunziza ayirongoye, yatangaje ko igikorwa gikuru ari ugutanga intererano n’uruhara rukomeye mu gutsimbaza ingendo y’Ubumwe mu moko y’abo n’imigambwe, yongerako ko ivyo bizotuma hadasubira kwaduka imvururu cane cane za politike no gucanamwo mu Barundi.

Abanyepolitike bahunze igihugu babona ko uwo mugwi wari waratevye kubera kubw’abo ubumwe bw’Abarundi bwatosekaye. Inama nkuru y’igihugu yategerezwa kuba yaratanguye ibikorwa nyezina kuva mu ntango z’umwaka w’i 2018. Yamara si ko vyagenze. Uwutwara uwo mugwi yamenyesheje ko umurwi wabo wahuye n’ingorane zitari nke harimwo impfu zahitanye abanywanyi bawo babiri, uwarawurongoye n’umunyamabanga wawo.

Iyo nama y’igihugu y’Ubumwe no Kunywanisha Abarundi ije isanga ku kivi umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR, (Commission Vérité et Réconciliation). Imigwi ibiri, ihakwa gusa ikanakorera ku kibuga kimwe.
Yamara Olivier Nkurunziza yamaze amakenga abibaza ko iyo migwi izohava igonganira ku bikorwa. Umviriza insiguro ziwe muri iyo nkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru aho hasi.

CNUNR na CVR Bitandukaniye he?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:57 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG