Uko wahagera

Ibihugu 40 kw'Isi Bisaba Uburusiya Guhagarika Intambara muri Ukraine


Russia Ukraine
Russia Ukraine

Ibihugu 40 vyo kw’isi vyasavye Uburusiya kuri uyu wa gatatu guhagarika intambara muri Ukraine. Ivyo bihugu birimwo Reta zunze ubumwe za Amerika, ibihugu vyo mw’ishirahamwe rya Buraya hamwe n’ibindi bihugu vyo muri Aziya.

Mu rwandiko ivyo bihugu vyashikirije, vyavuze ko bishigikiye intambwe Ukraine yakoze mu kwitura sentare mpuzamakungu y’ubutungane, irega Uburusiya gutera intambara bwitwaje ivyagiriji vya jenoside ataho bifatiye.

Uburusiya mu ntango z’iyi ntambara bwavuze ko bwinjiye muri Ukraine guhagarika ico bwise “jenoside”, mu bice vyo mu buseruko bwa Ukraine bivugwamwo ikirusiya.

Ibi bihugu vyavuze ko abapfuye hamwe n’ivyononwe n’intambara vyatewe nuko Uburusiya butubahirije amategetko mpuzamakungu kandi bukwiye kuzobiriha.

Ukraine yavuze ko hazokenerwa imiriyaridi hafi 750 z’amadolari zo gusanura ivyasambuwe n’intambara y’Uburusiya.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG