Uko wahagera

Somaliya na Eritreya Basinye Amesezerano yo Gufashanya


Perezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud
Perezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud

Abaperezida ba Eritreya na Somaliya batangaje ko basinye amasezerano mu bisata vyo kwivuna abansi, umutekano, dipolomasiya n’imigenderanire muvya poritike.

Aya masezerano yashitweko inyuma y’urugendo rw’imisi ine perezida wa Somaliya yari amazemwo muri Eritreya.

Ba Perezida Isaias Afwerki wa Eritreya na Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya bavuze ko amasezerano basinye ashingiye kuri kahise hamwe n’ubucuti ndetse n’inyungu ivyo bihugu bisangiye. Baremeza ko gutsinda urugamba rw’iterabwoba muri Somaliya bizotuma akarere ko mw’ihembe rya Afrika karonka amahoro.

Eritreya imaze imyaka hafi itatu imenyereza ibihumbi vy’abasirikare ba Somaliya.

Muri uru rugendo, perezida wa Somaliya, yaragendeye abasirikare b’igihugu ciwe yongera arabakeza kuba bararangije imyimenyerezo ya gisirikare barimwo muri Eritreya. Ibiro vyiwe bivuga ko yabasavye gutaha gufasha kugarukana umutekano no kugarura uturere twose tugenzurwa na al-Shabaab.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG