Uko wahagera

Uganda: Imyiyerekano Yiyamiriza Iduga ry'Ibiciro vy'Ibifungurwa


Igiporisi ca Uganda carashe ivyuka bikoroza amosozi congera gifata abari mu myiyerekano hafi umunani bariko biyamiriza iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa n’igitoro.

Ibiciro vy’ibifungurwa muri Uganda vyaraduze gushika incuro zibiri ku giciro vyahorako. Ibiharuro vyashikirijwe na reta bivuga ko vyiyongereye ku bice 13.1 kw’ijana mu kwezi kwa gatanu.

Kuri uyu wa mbere, abari mu myiyerekano baturiye amapine y’imodokari bongera bazibira ibarabara rikuru ricako imodokari nyinshi i Jinja, ku birometero 80 mu buseruko bw’umurwa mukuru Kampala. Basaba reta kugabanya amatagisi kugira ibifungurwa bizimbuke.

Mw’ijambo yashikirije igihugu mu kwezi kwa gatandatu, Perezida Museveni yavuze ko gukuraho amatagisi ku vyinjira mu gihugu kwoba ari ugushira igihugu mu kaga.

Uwahoze ari umukandida mu matora ya perezida, Kizza Besigye, mu kwezi guheze yagirijwe icaha co kugumura abanyagihugu ngo biyamirize iduga ry’ibiciro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG