Uko wahagera

Burundi: Abantu Barenga 200 Bamaze Umwaka Bibera Ku Musozi Mu Masengesho


Bizoza Carême, buramatari w’intara ya Cibitoke
Bizoza Carême, buramatari w’intara ya Cibitoke

Abantu barenga 200 biyonkoye kw’idini ry’Abaventisita b’Umusi w’Indwi birukanywe ku musozi wa Ruhero, mu ntara ya Cibitoke aho bari bamaze hafi umwaka baba.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara bamenyesha ko badashobora kwemera abantu bata izabo bagakura abana mw’ishure bitwaje Imana.

Uwo musozi muremure wa Ruhero uri hagati y’amakomine ya Mugwi, Mabayi, Mugina na Rugombo nko ku birometero 50 uvuye ku murwa mukuru wa Cibitoke.

Ciza Gérard umwe muri abo amenyesha ko bagiye kuri uwo musozi aho bashobora kurya indya zitanduye kandi bagasenga batekanye nk’uko ivyanditswe bibivuga mu ntumbero yo kwiyegereza Imana.

Abana bari kumwe n’abavyeyi babo kuri uwo musozi wa Ruhero ntibaja kw’ishure hamwe n’abandi. Cimpaye Nelly umwe mu bavyeyi baba kuri uwo musozi amenyesha ko abana babo bafise uko babigisha.

Kuri uno wa gatanu, buramatari w’intara ya Cibitoke Bizoza Carême ari kumwe n’abajejwe intwaro muri ayo makomine ahurira kuri uwo musozi be n’abajejwe umutekano bishikiye aho i Ruhero.

Buramatari akaba yamenyesheje ko badashobora kwemera ko haba abantu mu ntara arongoye bigenza uko bishakiye mu kurenga ku mategeko y’igihugu. Ni mugihe ibwirizwa rigenga amashengero mu Burundi mu ngingo yaryo ya 31 agace ka 14 rimenyesha ko amashengero ategerezwa kuba afise aho basengera hubahirije isuku, amagara y’abantu, umutekano kandi bidahungabanya abenegihugu.

Estella Irankunda ari mu bagiye gusengera kuri uwo musozi kugira barindire Yesu nk’uko bavyivugira, amenyesha ko ibibashikira vyose bitabatera ubwoba kuko ngo biba vyarahishuwe.

Buramateri Bizoza yasavye abanyagihugu b’aho i Ruhero gufashanya n’abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano bagiye kuhacumbika kugira ntihagire abantu basubira kubinjirana bitwaje gusenga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG