Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yavuze ko yiyemeje kurwanya kandi agatsinda umuhari wiyemeje guhabuza abo mu bwoko bw’aba Oromo, Oromo Liberation Army canke OLA. Yagiriza uyu muhari ubwicanyi bubiri butandukanye bwabaye mu ndwi zitatu ziheze.
Mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka kuri uyu wa kane, Abiy Ahmed, yagaye ashimitse ubwicanyi bwakorewe ubwoko bw’aba Amhara. Yavuze ko ari ibikorwa vy’ubunyamaswa vyakorewe ikiremwa muntu.
Ibitero biheruka vyabaye ku musi wa mbere muri zone ya Wellega y’uburengero, mu ntara ya Oromia. Abahasize ubuzima ntibaramenyekana igitigiri.
Ubu bwicanyi bwakurikiye ubundi bwabaye mu kwezi guheze. Ibitigiri bitangwa na reta bivuga ko abagabo bitwaje ibigwanisho bishe abanyagihugu 338 bo mu bwoko bw’aba Amhara.
Reta ya Etiyopiya yegeka ubwo bwicanyi bwose ku muhari gisirikare, Oromo Liberation Army canke OLA. Uyu muhari uvuga ko uriko urwanira ubwigenge bw’aba Oromo, ubwoko bwa mbere bufise abanyagihugu benshi muri Etiyopiya.
VOA
Facebook Forum