Uko wahagera

Burundi: Isekeza ryo Gukura mw'Ibarabara Abasegereza Hamwe n'Abana


Abana bo mw'ibarabara mu Burundi
Abana bo mw'ibarabara mu Burundi

Mu Burundi, abategetsi kuri uyu wa kane bavuze ko igikorwa igiporisi kirimwo co kwegeranya abasegerereza mu gisagara ca Bujumbura kitazohagarara kugeza bose bakuwe mu mabarabara.

Urunani FENADEB, rw’amashirahamwe akingira agateka k’abana mu Burundi ruvuga ko abasegerereza hafi 300 hamwe n’abana bo mw’ibarabara bamaze gufatwa hagati y’imisi ya gatatu n’uyu wa kane w’iyi ndwi.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gushigikirana no gufatana munda, Felix Ngendabanyikwa, yavuze ko iki gikorwa kitazohagarara gushika iyi ngeso yo gusegerereza hamwe n’abana bayerera mu mabarabara biranduwe burundu mu Burundi.

Kwiyerereza mu mabarabara bihanishwa umunyororo w’amezi abiri mu Burundi, nayo gusunikira abana batarakwiza imyaka 18 gusegerereza bihanishwa gufungwa imyaka 15.

Ngendabanyikwa yavuze ko abakuze bose bafatwa muri iri sekeza bazorengutswa mu butungane. Abana nabo bazoca barungikwa mu bigo vyegenewe kubitaho, imbere yo kubasubiza mu mihana yabo.

Mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu, ubwo bushikiranganji bwahaye indwi zibiri abana bo mw’ibarabara hafi 7.000 hamwe n’abasegerereza baharurwa mu bihumbi kuzoba basubiye mu mihana yabo canke bagafatwa no guhanwa.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG