Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Yahinduye Abajejwe Kumuvugira


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022

Mu Burundi, Prezida Evariste Ndayishimiye yagenye umukuru mushasha n'icegera b'igisata kijejwe ubuvugizi bwa prezida. Umuvugizi wiwe mushasha ni Alain Diomede Nzeyimana, na yo icegera ciwe ni umukenyezi Doriane Munezero. Bose baturuka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Nzeyimana asubiriye umukenyezi Evelyne Butoyi yari amaze umwaka n'amezi ane muri ico kibanza. Hari abibaza ko uwo mupfasoni agiye guhabwa ayandi mabanga abandi bakavuga ko yoba ahinduriwe amabanga kubera amabanga yiwe atayarangura uko bihagije.

Alain Diomede Nzeyimana aroye kuramutswa igisata c’ubuvugizi bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi yari amaze igihe kirekire ari icegera c’umukuru w’ico gisata. Yari abimazemwo n’imiburiburi imyaka itanu. Uwo mugabo avuka mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw’Uburundi ahaturuka nyakwigendera Perezida Pierre Nkurunziza yari yanamugenye mu mabanga yarimwo kugeza uyu musi. Ni umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Imbere yo kumenyekana muri politike y’Uburundi yari avuye mu gihugu c’Ubwongereza aho mbere yari umusesanguzi mu vya politike.

Abamuzi vya hafi batumenyesheje ko naho ku mbuga nkoranyambaga akunda kwandika kandi bimworohera kuvuga indimi zitandukanye, azwi cane nk’umuntu atarondongora mu majambo. Ni yo umukuru w’ibiro yahora abereye icegera yaba yafatiriwe, haba mu ngendo yaherekeje prezida canke ku bibazo abwirizwa kwishurako, avuga ayaharuye kandi kenshi agakunda kwivugira mu rurimi rumwe ahasigaye akarungika abamenyeshamakuru kuja kwishirira mu zindi ndimi bipfuza.

Nk’uko yabikanguriye Abanyengozi benshi akiri muzima kandi akiri mu mabanga y’umukuru w’igihugu yasezeye isi akirimwo, Prezida Nkurunziza mu batahuye umugambi wiwe wo kuja kurima iyo bavuka canke kurondera amatongo ahandi Nzeyimana arimwo. Akenshi aboneka ari mu mirima kandi akifotoza avyishimiye. Ivyo, radiyo Ijwi ry’Amerika yabibwiwe n’abamuzi neza batifuje ko amazina yabo ashirwa ahabona.

Icegera ca Nzeyimana ni umupfasoni akiri muto. Doriane Munezero nawe ari mu muhari w’Abakenyererarugamba, abakenyezi bo muri CNDD-FDD, umugambwe uri ku butegetsi. Mu mwaka wa 2015 igihe haduka imvururu za poritike zivuye ku kindi kiringo ca nyakwigendera Nkurunziza cateye impari ni ho yamenyekana rwose. Yari amaze imisi mike avuye mu gihugu c’Ubufaransa. Yagaragaye kenshi cane ku mbuga nkoranyambaga na ngurukanabumenyi yishurana n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi aja no mu myiyamamazo myinshi yo gushigikira inzego z’igihugu.

Naho ata mabanga yo hejuru yari afise mu gisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro kwa prezida, ari mu bavugana cane n’abamenyeshamakuru kandi mu biganiro vyakorerwa ku kirimba ni we ahanini yaraba ivyerekeye impusha z’abinjira. Aramenyeranye cane n’abamenyeshamakuru kandi abaganiriza vyoroshe n’ubwo atigeze akorera ikinyamakuru mu Burundi. Mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura aho abavyeyi biwe baba kandi yanabiriwe yarahitoje mu matora aheruka muri 2020 mu nzego z’ibanze.

Umupfasoni Munezero asubiriye mu kibanza c’uwugiye kumutwara Alain Diomede Nzeyimana. Uwu mugabo nawe aroye mu mabanga yahoramwo uwundi mupfasoni Evelyne Butoyi. Nawe wo mu muhari w’abakenyererarugamba. Kuva umugambwe CNDD-FDD uja ku butegetsi yawugiriyeko ikiganza ciza.

Umukenyezi Butoyi nawe nyene adahandwa ku rurimi cane yahoze ari umumenyeshamakuru mu kinyamakuru ca Reta « Le Renouveau du Burundi ». Ukuvugira umukuru w’igihugu yabigiyemwo prezida musha Neva amaze amezi icumi mu mabanga. Kuva ico gihe inzego zibiri zakora mu bijanye n’ubuvugizi n’ukumenyesha amakuru mu biro kwa prezida zaciye zivangwa: igisata co kumenyesha amakuru hamwe n’ic'umuvugizi wa prezida. Mu bisanzwe zari inzego zibiri zigenga. Urw’umuvugizi rukagira abantu babiri gusa, icegera n’umukuru warwo bava mu bwoko butandukanye.

« Vyari bigoye cane ko Evelyne Butoyi ahonyora mu makanda ya Nyamitwe cane cane ariko kandi na Karerwa ugereranije n’uburambe bari bafise. Nta nkeka ko ukudashobora akazi uko bikwiye ari vyo vyatumye asezererwa », ni ko umwe mubegereye CNDD-FDD atashimye ko umwidondoro wiwe umenyekana yatubwiye.
Uwundi mumenyeshamakuru w’Umurundi akorera hanze y’igihugu nawe asanga n’ubwo Alain Diomede Nzeyimana ashizwe mu mabanga yo kuvugira prezida Ndayishimiye bitazomworohera kuko asanzwe atari imvuzi kandi atagononokerwa rwose kwishura ku bibazo.

Ariko hari n’abandi bibaza ko umukenyezi Butoyi yahora avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi yoba agiye guhabwa ayandi mabanga ubona ko kuva ava mw’itangazamakuru, uwo mukenyezi atwara inama mpanuzwajambo ya komine Mugongo-Manga mu ntara ya Bujumbura mu burengero atarigera ahemukirwa na CNDD-FDD. Hari abari babwiye Ijwi ry’Amerika ko ashobora kuzorungikwa mu nama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EALA mugabo uko amategeko abivuga ntawurungikwayo atatorewe kuba umushingamateka mu gihugu ciwe. « Kiretse bamurungitse mu yandi mabanga muvyo gutunganya ibikorwa gusa, ahandi ntivyoshoboka », ni ko isoko ryacu ryatubwiye.

Haba mu mugambwe uri ku butegetsi, mu biro vy’umukuru w’igihugu hamwe no mu begereye uwasubirijwe n’abahawe amabanga, izi mpinduka zatangaje benshi nk’uko umwe mu ncuti za hafi z’umwe yagenywe yabibwiye Ijwi ry’Amerika.
Mu bantu 15 bagize ibiro vyo kumenyesha amakuru no kuvugira umukuru w’igihugu hakozwe izi mpinduka zonyene.

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Alain Diomede Nzeyimana yanditse agira ati " Ndayishimiye cane Imana Mushobora vyose yabicishije kuri Nyenicubahiro Generali Neva akanyizera ngo mbandanye ndamufasha mu bikorwa vya misi yose ». Umumenyeshamakuru w’Umurundi akorera muri kimwe mu bihugu vya Bulaya yakebuye agira ati « Uwo bamenyeranye aramuhanura ahindure ifoto y’inyuma : ntawugira abatware babiri naho uwo ari Sogokuru wiwe kandi bava hamwe », yarabikuye ko kw’ifoto y’inyuma ku rubuga rwiwe rwa Twitter hakiboneka Nyakwigendera Nkurunziza afashe ibendera, uwo prezida Ndayishimiye yita Sogokoru.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG