Uko wahagera

Impinduka muri Guverinema ya Macron


Perezida Emmanuel Macron
Perezida Emmanuel Macron

Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron, yahiduye abashikiranganji batari bake, uno musi ku wa mbere. Vyari vyitezwe ko ahindura reta inyuma y'uko umugambwe wiwe utakaje ibibanza vyinshi mu matora y'abashingamateka aheruka kuba.

Prezida Macron yagenye Jean-Christophe Combe yari umuboyozi w’ishirahamwe rijejwe gutabara, Croix Rouge, mu Bufransa, kuba umushikiranganji mushasha ajejwe gufatana mu nda n’abafise ubumuga. Asubiriye uwari ahari yitwa Damien Abad.

Mu gihe atahinduye abashikiranganji bajejwe imigenderanire, ikigega n’ukwivuna abansi, Macron yarahinduye abatari bake mu bindi bibanza bikomakomeye.

Yagenye Laurence Boone, umutegetsi mukuru mu bijejwe ubutunzi mw’ishirahamwe rijejwe gufashanya mu vy’ubutunzi n’iterambere, OECD, mu rurimi rw’icongereza, kuba umushikiranganji asekurira Ubufransa mu muryango w’ubumwe bw’Ubulaya.

Asubiriye Clement Beaune, yari umwe mu bantu bakomeye baganiye ivyerekeye ukuva kw’Ubwongereza mu muryango w’ubumwe bw’Ubulaya. Clement Beaune yabaye umushikiranganji mushasha ajejwe gutwara abantu n’ibintu.

Christophe Bechu, umukuru w’igisagara ca Angers, yagenywe kuba umushikiranganji ajejwe ibidukikije. Asubiriye uwitwa Amelie de Mantchalin, yatakaje ikibanza ciwe mu matora y’abashingamateka yabaye kw’italiki 19 y’ukwezi kwa gatandatu mu Bufransa.

Abashikiranganji bajejwe amagara y’abantu n’ibidukikije nabo nyene barahinduwe.

Naho umugambwe wa Prezida Macron watsindiye ibibanza bitari bike mu nama nshingamateka, ntiwaronse amajwi akwiriye kugira ubandanye uyubora urwo rwego. Uzotegerezwa kugira urunani n’iyindi migambwe kugira imigambi yiwe ishobore kurengana.

Abakwirikirana ivya politike babona ko ivyavuye mu matora y’abashingamateka vyerekanye ko bitazokworohera Prezida Macron mu migambi yiwe naho yari yatsinze incuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa gatanu, aho yari yatsinze umukandida bahiganwa, Marine Le Pen.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG