Uko wahagera

USA: Ubutungane Busabwa Gucira Urubanza Donald Trump mu Gihe yokwagirwa n'Icaha


Uwahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump
Uwahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump

Umwe mu bashingamateka b’igihagararo mu matohoza ku vyabaye mu mwaka uheze kuri Capitol muri Amerika, yavuze ko mu gihe ubutungane bwosanga uwahoze ari perezida, Donald Trump yaragize uruhara mu migumuko yo kubuza kwemeza ivyavuye mu matora yo mu 2020, budakwiye gutinya kuzomucira urubanza.

Visi perezida wa komite, iriko iratohoza ku vyabaye, umurepubulikani, Liz Cheney, yabwiye televiziyo nyamerika, ABC News ko gucira urubanza Donald Trump bitokworoha mu gihugu gisanzwe caracitsemwo ibice mu vya poritike.

Ariko uwo murepubulikani yatowe muri reta ya Wyoming yavuze ko kudacira urubanza Trump, mu gihe vyogaragara ko yakoze icaha, kwoba ari uguhonyanga ibwirizwa shingiro rya Reta zunze ubumwe za Amerika.

Donald Trump, umurepubulikani, yatsinzwe n’umudemokrate Joe Biden, ariko gushika n’ubu aracemeza ko habaye ubusuma bwatumye atabasha kwongerwa manda ya kabiri muri White House.

Ubushikiranganji bw’ubutungane busanzwe buri mu matohoza yiyaguye ku migumuko yabaye kw’itariki ya 6 y’ukwa mbere 2021. Ariko ntiburavuga nimba buzokurikirana Trump mu gihe bwomusangako icaha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG