Uko wahagera

Abasivile Batatu Bishwe Barashwe muri Danemarke

Igiporisi ahabereye ubwicanyi i Copenhage muri Danemarke
Igiporisi ahabereye ubwicanyi i Copenhage muri Danemarke

Igiporisi muri Danemarke cavuze ko abantu batatu bishwe abandi batatu nyene barakomereka bikomeye. Ni inyuma y’aho barasiwe aho bari mu kibanza kirimwo amamangazini menshi i Copenhage ku murwa mukuru.

Ico gitero cavuze ko uwakoze ico gitero c’ejo ku musi w’Imana ari umugabo w’umunyedanemarke w’imyaka 22 kandi yaciye afatwa ahejeje kubarasa.

Igiporisi kivuga ko hakiri kare kumenye icoba caratumye uwo mugabo arasa izo nzira karengane.

AP

XS
SM
MD
LG