Abimukira bashika kuri 14 barapfuye ku musi wa mbere mu bumanuko bwa Senegal, igihe ubwato barimwo berekeza ku mugabane wa Buraya bwasha bugatokombera.
Umukuru w’igisagara ca Kafountine, mu ntara ya Casamance, David Diatta, yavuze ko bashoboye gutora ibiziga 14 kandi ko abapfuye bashobora kuzorenga ico gitigiri.
Umukuru w’igisata c’abaforoma muri iyo ntara, Bourama Faboure, yavuze ko abantu 21 bakomeretse, barimwo bane basinzikaye cane.
Diatta yavuze ko ubwo bwato bwari butwaye abimukira hafi 140 bagizwe n’abamuka muri Gineya Konackry, Nijeriya, Gambiya, na Senegal. Ariko haracaronderwa abandi baburiwe irengero.
Abarokotse bavuga ko uyo muriro watewe n’umwe muri abo bimukira yanywereye itabi hafi y’imoteri. Abo bimukira bandurutse bava muri Senegal bagerageza kwinjira mu mazinga ya Canary yo muri Esupanye, bagamije gushika ku mugabane wa Buraya.
Iri sanganya rikurikiye urupfu rw’abandi bimukira b’abanyafrika bashika kuri 23 igihe abashika 2.000 bagerageza kwurira ku nguvu uruhome rutandukanya intara ya Nador muri Maroke hamwe n’intara ya Melilla ya Esupanye ku musi wa gatanu.
@AFP
Facebook Forum