Uko wahagera

Pakistani: Igitero ku Murwi Ucandaga Ubukangwe Cahitanye 3


Igitero ku murwi w'abantu bariko bakingira abanyagihugu indwara y'ubukangwe muri Pakistani cahitanye abantu batatu. Ico gitero cabereye mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistani, cakomerekeje uwundi muntu umwe uno musi ku wa
kabiri.

Ni mu gihe abandi bantu bashasha bariko bandura iyo ndwara muri ico gihugu.
Abategetsi ba Pakistani bavuga ko abo bantu barashwe mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri, mu ntara ya Waziristani yo mu buraruko. Aka ni akarere karimwo umutekano muke kari ku rubibe na Afuganistani.

Indwara y’ubukangwe yageramiye abana 11 muri Pakistani muri uyu mwaka, kandi bose baba mu ntara ya Waziristani, nk’uko bitangazwa n’umugambi w’igihugu ujejwe kurandurana n’imizi iyo ndwara. Nta murwi n’umwe wiyitiriye ico gitero buno nyene.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho abana, UNICEF, ryiyamirije ico gitero, rikaba ryifatanije n’imiryanngo y’abapfuye. UNICEF yavuze ko bari mu ntwari ibihumbi n’ibihumbi bariko bakora batiziganya kugira bahagarike indwara y’ubukangwe. Intagondwa z’abayislamu zikorera mu ntara ya Waziristani yo mu buraruko zirarwanya utwigoro tw’ukuzimanganya indwara y’ubukangwe.

Afuganistani na Pakistani ni vyo bihugu 2 aho indwara y’ubukangwe ibandanya kumugaza abana, naho ibiharuro vy’abakongatazwa n’iyo ndwara vyagabanutse bikomeye mu myaka ya vuba muri ivyo bihugu vyompi.

UNICEF ivuga ko indwara y’ubukangwe yamugaje abana bagera ku 20.000 muri Pakistani uko umwaka utashe mu ntango y’imyaka y’i 1990.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG