Uko wahagera

OMS Itewe Amakenga n'Ingwara Zandukira Inyuma ya Nyamugigima muri Afuganistani


Afghanistan Earthquake
Afghanistan Earthquake

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryavuze kuri uyu w’Imana ko ririko rikurikiranira hafi ingwara zandukira zishobora kwaduka mu bice vyabayemwo nyamugigima muri Afuganistani. Abategetsi bo muri ako karere baragabisha ko abanyagihugu barokotse nyamugigima yabaye ku musi wa gatatu w’indwi iheze baharurwa mu bihumbi bashobora kwandura izo ngwara.

Abategetsi ba Afuganistani bavuze ko abantu bashika 1.150 bishwe na nyamugigima, abandi benshi barakomereka, hamwe n’amazu ibihugu yasambutse.

Amatohoza yakozwe na ONU yerekanye ko abana hafi 155 bari mu bishwe hamwe n’abana 250 bakomeretse.

OMS ivuga ko yongereje inguvu kugira abanyagihugu ntibandure ingwara nka Cholera, agasama na COVID-19. Abategetsi ba OMS bavuga kandi ko imiryango iharurwa mu majana yagize ingaruka za nyamugigima iba hanze aho bataronka n’ico bipfuka.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ibihugu bibanyi na Afuganistani barafashije mu kurungikira imfashanyo za mbere abazikeneye.

Ariko gufasha ibihumbi vy’abanyagihugu bakeneye imfashanyo biracagoye ku bihugu vyo mu mahanga kuko ico gihugu cahagarikiwe imfashanyo n’amakungu kandi cafatiwe ibihano muvyo guhanahana amafaranga kuva aho Abatalibani bafatiye ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG