Uko wahagera

ONU Ihangayikishijwe n'Abanyagihugu Bicwa n'Ubutegetsi bwa Irani


Iran Executions Firing Squad Sailors
Iran Executions Firing Squad Sailors

Raporo y’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yemeza ko Irani yagandaguye abantu barenga 100 mu mezi atatu ya mbere y’uyu mwaka wa 2022.

Mw’ijambo yashikirije imbere y’akanama ka ONU kajejwe kubahiriza agateka ka muntu i Geneve mu Busuwisi, icegera c’umukuru w’ako kanama, Nada Al-Nashif, yavuze ko ibitigiri vy’abantu bicwa na reta ya Irani birushiriza kwiyongera.

Mu mwaka wa 2020, reta ya Irani yishe abantu 260, mu gihe muri 2021 bashitse ku 310. Muri abo harimwo abakenyezi 14.

Nashif avuga ko igihano co kwica kibandanya gutangwa muri Irani ndetse no ku vyaha bidakomeye cane, kandi ata n’imanza zibereye ziciwe.

Mehdi Ali Abadi, icegera c’intumwa yamaho ya Irani muri ako kanama i Geneve, yiyamye iyo raporo. Yavuze ko ishingiye ku binyoma bikwirakwizwa n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi bitumbereye gucafuza Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG