Uko wahagera

Amerika Ibabajwe n'Uko Abanyamerika 2 Bafatiwe muri Ukraine Bashobora Kwicwa


Umunyamerika, Andy Huynh yafashwe n'Uburusiya
Umunyamerika, Andy Huynh yafashwe n'Uburusiya

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kabiri yavuze ko kubona Uburusiya buvuga ko abanyamerika babiri bwafatiye ku rugamba muri Ukraine bashobora kwicwa ari ibintu biteye amakenga n’ubwoba.

Umuvugizi wa perezidanse ya Amerika, John Kirby, yabivuze inyuma y’aho umuvugizi wa perezidanse y’Uburusiya, Dmitry Peskov abwiriye abamenyeshamakuru ku musi wa mbere ko abo banyamerika babiri badakingiwe n’amasezerano y’i Geneve ku mbohe zo mu ntambara.

Abanyamahanga batazwi igitigiri, barimwo abanyamerika, barinjiye muri Ukraine kuva aho Uburusiya buteye Ukraine mu kwezi kwa kabiri. Bagiye gufasha abasirikare ba Ukraine.

Ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu kuri uyu wa kabiri bwemeje ko hari umunyamerika agira kabiri yiciwe mu ntambara mu Ukraine.

Ubwo bushikiranganji bwongeye kwinginga abanyamerika kwirinda kuja muri Ukraine kuko ari urubuga rw’intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG