Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abiyamiriza Reta n'Iduzwa ry'Ibiciro


Abakoze imyiyerekano
Abakoze imyiyerekano

Muri Pakistani abantu amajana n’amajana baraye bihaye amabarabara mu myiyerekano yo kwiyamiriza iduzwa ry’ibiciro no kunegura reta. Iyo myiyerekano yatumweko n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Imran Khan. Uyu yakuwe ku butegetsi n’ingingo yavuye mw’itora ryatunganjijwe n’abashingamateka mu kwezi kwa kane.

Mu myiyerekano yabaye ejo ku musi w’Imana ku murwa mukuru wa Islamabad, abayirimwo batunga urutoke reta ko ari yo iri inyuma y’iduzwa ry’ ibiciro. Umwe muri bo witwa Laiba Khan yavuze ati: “ku butegetsi bwa Imran Khan, ibiciro vyari bisanzwe”. Sinzopfa nemeye iyi reta kandi tuzokora ibishobotse vyose kugira tugarukane Imran Khan, ntidushaka ubu butegetsi na gato”.

Abandi bari mu myiyerekano baririmba bavuga bati “ nta vya Isirayeri, nta vya Amerika, nta vy’Ubuhindi, harakaramba Islamu, harakaramba Pakistani. Ni nde azokiza Pakistani? Ni Imran Khan.

Imran Khan yari umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu mu kiringo c’imyaka itatu n’igice gushika aho akurwa ku butegetsi. Yaciye atangura gutera akamo gasaba abanyagihugu kugira imyiyerekano kuva ico gihe. Yagiriza Amerika kuba yaramugwanya kubera yashira imbere imigenderanire hagati y’Ubushinwa n’Uburusiya. Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu burahakana ivyo birego.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG