Uko wahagera

Abarwanira Ubutegetsi mu Libiya Vyanse ko Bumvikana mu vy'Amatora


Ishirahamwe mpuzamakuangu ONU ryatangaje ko impande zibiri zigwanira ubutegetsi mu gihugu ca Libiya zananiwe kwumvikana ku kibazo kijanye n’itunganywa ry’amatora.

Intuma idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu mu gihugu ca Libiya, Stephanie Williams, ivuga ko abashingamateka bafise icicaro mu buseruko bw’igihugu hamwe n’abategetsi barongoye inama nkuru y’igihugu bakorera ku murwa mukuru Tripoli, ejo ku musi wa mungu ariho barangiza ibiganiro vya nyuma vyerekeye ivyohindurwa mw’ibwirizwa shingiro. Ivyo biganiro vyariko bibera I Kayiro mu Misiri.

Ivyo biganiro vyatanguye kw’iginekerezo rya 12 ry’ukwezi kwa gatandatu, vyari bifise intumbero yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ryo kwisungwa mu matora
y’ico gihugu. Yamara izo mpande zose ntizashoboye kwumvikana ku kiringo c’imfatakibanza cari gushikana igihugu ku matora.

Intumwa ya ONU muri Libiya yaciye itera akamo umukuru w’inama nshingamateka ya Libiya yumvirwa cane, Khaled al-Meshri arongoye inama nkuru y’igihugu, kamusaba gutumako inama mu misi 10. Iyi yagerageza gukemura ibibazo izo mpande zibiri zitarashobora kwumvikako. ( AP )

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG