Uko wahagera

Bamwe mu Bana Bahungiye i Kigali mu Rwanda Ntibaciga Kubera Ubukene


Refugee Day
Refugee Day

Amakungu kuri uno wa mbere arahimbaza umunsi wahariwe impunzi. Abahungiye i Kigali mu Rwanda bawuhimbaje ku wa gatandatu w'indwi iheze. Uwo musi ushitse abana benshi batakija kw’ishure kubera kubura ibikoresho n’amafaranga y’ishure.

Mu barundi bahunze igihugu cabo kubera umutekano muke warangwa mu Burundi mu mwaka 2015, hari abashikiye mu bisagara bitandaukanye vy’u Rwanda n’abandi bagiye mw’ikambi ya Mahama. Abashikiye mu bisagara uno musi baremeza ko uko imisi igenda ariko ubuzima bunanirana, bakabura amafaranga n’ibikoresho vy’ishure, abana bakirukanwa bikabaviramwo guheba burundu.

Bamwe mu bavyeyi bari bitabiriye umusi mukuru w’impunzi wahimbwajwe ku wa gatandatu mu Rwanda babwiye ijwi ry’Amerika ko kwigisha abana vyabananiye kubera amikoro make.

Patrice Ntadohoka arongoye impunzi ziba mu muji, amenyesha ko abo bavyeyi batarira busema. Amenyesha ko mu myaka iheze, abavyeyi batifise hari bamwe mu mpuzi zifashe eka n’Abarundi baba hanze y’u Rwanda baja hamwe bagafasha ariko ko ubu benshi badehukiwe bigatuma abana baheba amashure ku bwinshi.

Impunzi ziba mu muji wa Kigali ziravurwa ku buntu ariko abana ntibigishwa ku buntu.

Inkuru ya Desire Hatungimana akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

Ubukene mu Miryango Yahungiye i Kigali mu Rwanda
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:05 0:00



XS
SM
MD
LG