Uko wahagera

USA: Baribuka Umusi Abirabure Bakuweko Ubucakara


Abari mu birori muri Orlando, Florida, bibuka Juneteenth, kw'itariki ya 19/06/2020.
Abari mu birori muri Orlando, Florida, bibuka Juneteenth, kw'itariki ya 19/06/2020.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika ejo kuw’Imana itariki ya 19 y’ukwa gatandatu, wabaye umwaka ugira kabiri haba akaruhuko mu gihugu, aho hibukwa igihe abanyamerika b’abirabure babohorwa bagakurwa mu bucakara.

Uyu musi mukuru uzwi nka Juneteenth wahora wibukwa ariko haheze imyaka ibiri wemejwe n’inama nshingamateka, wongera uterwa igikumu na perezida Joe Biden nk’umusi w’akaruhuko mu gihugu cose.

Wibutswe ubwa mbere kw’itariki ya 19 ukwezi kwa gatandatu mu 1866.

Ukwemezwa nk’umusi w’akaruhuko mu gihugu vyasunitswe n’imihari myinshi y’abirabure iharanira agateka k’abirabure. Mu nyuma, inyuma y’umwaka umwe vyunyurwa n’imyiyerekano mu gihugu cose yiyamiriza ubwicanyi bushingiye kw’ibara ry’urukoba hamwe n’igikenye c’abaporisi ku birabure cane cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG