Uko wahagera

Kabul: Igitero c'Abataramenyekana Casenyuye Isinagoge


Ahaherereye Kabul
Ahaherereye Kabul

Ibi bombe n’amasasu vyatewe n’abataramenyekana vyasenyuye I sinagoge y’aba Sikh iri ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati yatangaje ano makuru ntiyigeze avuga igitigiri c’aboba baguye muri ico gitero n’ivyahononekariye vyose.

Nta murwi n’umwe uriyitirira igitero co kuri uno wa gatandatu. Gusa ico bikoze, ishami ry’umurwi w’itetarabwoba wiyitirira idini rya Isilamu urakunze kugaba ibitero ku misigiti n'amasinagoge atandukanye yo muri Afuganistani.

Mu kwa gatatu ko mu 2020, umwe mu barwanyi biyitirira idini rya Isilamu yagavye igitero wenyene kuri iyo sinagoge yatewe uno munsi, yica abantu 25 barimwo umwana umwe, akomeretsa abantu umunani yongera agira imbohe benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG