Ibaye inama ya gatatu y'ihuriro ry'ibihugu bifite ubukungu bwa mbere, Major Economies Forum (MEF) mu Cyongereza. Inama ya mbere yatumijwe n'uwari perezida wa Leta zunze ubumwe z'Amerika mu 2009, Barack Obama.
Mu bari mu nama y'uyu munsi twavugamo Misiri (izakira inama itaha ya ONU ku mihindukire y'ibihe mu kwa 11 gutaha). Perezidanse y'Amerika, Maison Blanche, yatangaje ko Perezida Biden na mugenzi we wa Misiri, Abdel Fattah el-Sisi, baza kumurika umugambi wo gufasha Afrika kurwanya imihindukire y'ibihe.
Ibihugu bya MEF byihariye 80% by'ubukungu bwose bw'isi. Ni byo rero byohereza ibyuka byonona ikirere. Inama y'uyu munsi irateganya guca inzira ihamye yo kubigabanya ku buryo bizaba byashize bitarenze umwaka w'2030.
Usibye ibihugu bibiri bya mbere bihumanya ikirere kurusha ibindi, ari byo Leta zunze ubumwe z'Amerika n'Ubushinwa, inama irimo kandi Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudage, Arabiya Sawudite, Arijantina, Ostraliya, Chili, Canada, Indonesiya, Ubuyapani, Mexique, Norvege, Koreya y'Epfo, Turkiya, Emira z'Abarabu, Vietnam, Misiri, na Nijeriya, umunyamabanga mukuru w'Umuryango w'Abibumbye, n'Umuryango w'ubumwe bw'Uburayi.
Facebook Forum