Uko wahagera

Impunzi muri Afrika y'Epfo Zisaba Kwimurirwa mu Bindi Bihugu


Impunzi z'abanyafrika ku biro vya HCR basaba HCR kubimurira mu bindi bihugu bitekanye
Impunzi z'abanyafrika ku biro vya HCR basaba HCR kubimurira mu bindi bihugu bitekanye

Impunzi zitari nke muri Afrika y’Epfo zimaze hafi ukwezi zigandagaje hanze y’ibiro vya HCR muri ico gihugu. Basaba kwimurirwa mu kindi gihugu kubera urwanko abanyafrika y’epfo babafitiye kuko bava mu bindi bihugu.

Impunzi zahunze Uburundi, Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Malawi, n’u Rwanda zivuga ko zidashobora gusubira mu bihugu zavuyemwo kumvo z’umutekano. Zemeza ko zitaciyumvamwo Afrika y’Epfo.

Zivuga ko amabutike yabo bakoreramwo urudandazwa yasahuwe, amazu yatwawe kandi badasiba guterwa no kuburabuzwa kubera urwanko bankwa nk’abanyamahanga.

Lillian Nyota, ni impunzi yahunze Repubulika ya demokarasi ya Kongo, ari muri Afrika y’Epfo kuva mu 2001. Avuga ko bahunze ibihugu vyabo, bahunze imibabaro itagira uko ingana. Nyota avuga ko bagiye muri Afrika y’Epfo, bahasanga imibabaro irenze.

Afrika y’epfo ihaye indaro abasaba ubuhungiro barenga 250.000. Nyota avuga ko bariko basaba HCR kubimurira mu kindi gihugu gitekanye.

Kuri uyu wa mbere, itariki 20, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rizokwibuka umusi wahariwe impunzi. ONU ivuga ko uyu musi ushitse kw’isi hari impunzi nyinshi isi itigeze ibona kuva haba intambara ya kabiri y’isi.

Imbere yuko Uburusiya butera Ukraine mu kwezi kwa kabiri, HCR ivuga ko imiriyoni 89 zakuwe mu vyazo kw’isi yose. Muri iki gihe intambara ya Ukraine yateye igitigiri cabo kigeze ku miriyoni 100.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG