Uko wahagera

HRC: Abanya Afurika Bahungira i Buraya Bazokwiyongera


Umukuru w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kwitaho impunzi, Filippo Grandi,
Umukuru w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kwitaho impunzi, Filippo Grandi,

Ishirahamwe mpuzamakungu riragabisha kw’ingwano n’ubwicanyi bibera mu ntara ya Sahel, bishobora gutuma impunzi nyinshi zihungira mu bihugu vya Buraya.

Umukuru w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kwitaho impunzi, Filippo Grandi, yagabishije ibihugu vya Buraya avuga ko bikwiye gufata nka nkama ico kibazo c’impunzi zihunga ubwicanyi mu ntara ya Sahel. Ibindi avuga birashobora gutera abantu guhunga ni ibibazo vy’ubugaragwa, imyuzure hamwe n’ubukene bw’ibifungurwa bwatewe n’ingwano igihugu c’Uburusiya cateye muri Ukraine.

Filippo Grandi yateye akamo gasaba utwigoro dusumbirije mu gutsimbataza amahoro kw’isi hose. Aho yavuze hari ibibazo birashobora gutuma abantu bahunga ni muri Ukraine, Venezuela, Myanmar, Siriya, n’ahandi.

Ishami rya HCR uyu musi ku wa kane ryasohoye raporo nshasha yerekana ko kugeza mu mwaka w’2021, abantu imiliyoni 89 bataye izabo kubera ingwano ihindagurika ry’ibihe, ubwicanyi hamwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Ico gitigiri cariyongeye kuva aho Abanyaukraine imiliyoni 12 bahungiye ingwano y’Uburusiya, bakaja mu bihugu bitandukanye hamwe no mu bindi bice vy’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG