Uko wahagera

Yegereyegere y'Abakozi ba Reta muri Tuniziya


Muri Tuniziya, ingingo y’abakozi yo kugarariza akazi mu gihugu cose uyu musi ku wa kane, ishobora guhagarika uruja n’uruza rw’i ndege n’imodoka zitwara abantu n’ibintu muri ico gihugu cari gisanzwe gihanze n’ibibazo vy’ubutunzi.

Ishirahamwe ry’abakozi rikuru mu gihugu ca Tuniziya ryatangaje kw’amashirahamwe ya reta 159 yafashe ingingo yo guhagarika imirimo yayo mu ntumbero yo gusaba imishahara myiza hamwe no kwiyamiriza umugambi wa reta wo gusubirwamwo ingingo zijanye n’ubutunzi.

Kuva mu ntango z’uyu mwaka, Abanyatuniziya ntibagishobora kuronka amfaranga yo kugura ivyo bipfuza kubera ibiciro vy’ibidandazwa vyaduze, kandi n’ubuzi bwabuze. Ingwano yo mu gihugu ca Ukraine yaje kuvyunyura.

Mu ndwi iheze, Reta ya Prezida Kais Saied yaratangaje umugambi wo kugabanya umutahe ikoresha ku mishahara y’abakozi, yongera ivuga kw’izogabanya intererano yahora itanga ku kiguzi c’amasoko ntanganguvu n’ibifungurwa, guhera mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG