Uko wahagera

USA Izorungikira Ukraine Ibindi Birwanisho Biciye Umuriyaridi w'Amadolari


Reta zunze ubumwe za Amerika igiye kurungikira Ukraine ibindi birwanisho bifise agaciro k’umuriyaridi w’amadolari.

Perezida Joe Biden yavuze kuri uyu wa gatatu ko yabimenyesheje perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, mu kiganiro kuri terefone. Yamubwiye ko muri ivyo birwanisho hazoba harimwo vya muzinga, ibirwanisho vyo gukinga ibitero vy’umwansi, roketi zigezweho hamwe n’amasasu kugira bahangane n’Uburusiya bufise ibirwanisho vya rutura.

Haruhande y’ibi, Perezida Biden yavuze ko Amerika igiye kurungikira Ukraine imfashanyo ingana n’imiriyoni 225 z’amadolari yo kugarukira ku banyagihugu. Aya mafaranga azovamwo amazi yo kunywa, imiti, ibifungurwa, hamwe n’amafaranga azohabwa imiryango kugira yikenure mu vya nkenerwa vy’ubuzima bwa misi yose.

Izi mfashanyo zitangajwe mu gihe umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika, Lloyd Austin, yabonaniye i Buruseli mu Bubirigi n’abandi bashikiranganji bagenzi we bo kwivuna abansi b’ibihugu birenga 45 vyahaye ibirwanisho Ukraine.

Igihe yugurura ibi biganiro, umushikiranganji Austin yavuze ko ibihugu vyo mu burengero vyiyemeje gukora ibirengeye mu gufasha Ukraine kwikurako umwansi.

Uyu mubonano uje mu gihe abasirikare b’Uburusiya bongereje inguvu mu gushaka kwigarurira igisagara cose ca Sievierodonetsk, kiri mu ntara ya Donbas, aho Uburusiya bwavuze ko ariho hantu nyamukuru bukeneye kwigarurira mu rugamba burimwo muri Ukraine.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG