Ubufaransa bwatngaje uyu musi ku wa gatatu kw’abasirikare babwo bafashe umwe mu bakuru b’umurwi wa Kisislamu w’intagondwa, mu gihugu ca Mali
Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi buvuga ko Oumeya Ould Albakaye yacakiwe n’ingabo z’Ubufaransa mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 11 ry’ukwezi buca ari ku rya 12 ry’uku kwezi hafi y’urubibe Mali gisangiye na Nijeri.
Imigenderanire yabandanije gutosekara hagati y’Ubufaransa hamwe n‘akagwi k’abasirikare bari ku butegetsi muri Mali yaratumye Ubufransa buvana abasirikare babwo muri ico gihugu.
Abo basirikare bari barungitswe muri Mali mu 2013 mu ntumbero yo gutuza umurwi w’abarwanyi bakorana n’umurwi w’iterabwoba al Qaida hamwe n’umurwi wa kiyislamu.
Umutekano muri Mali watanguye gutosekara mu mwaka w’2012 igihe abarwanyi b’abajihadiste bafata uburaruko bw’ico gihugu. Ubufaransa bwahavuye bubatuza, yamara mu 2015, uyo murwi wariyungunganije uca utangura ibitero bitavanako mu gihugu hagati. Kuva ico gihe, uyo murwi uramaze gutandukira igihugu ca Nijeri na Burkina Faso. V
Facebook Forum