Uko wahagera

Ubushuhe Burenze urugero muri Amerika


Abana kabina muri parike, kuwa mbere, itariki ya 13/06/2022 i Miami Beach, muri reta ya Florida. abanyamerika barenga imiriyoni 100 basabwe kuguma mu mazu

Ubushuhe burenze urugero bwaragaragaye mu bice vyo hagati n’uburengero ndetse no mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika, aho bwageze kuri degree zirenga 100 i Chicago.

Ibisagara vyabangamiwe vyashikanye degres 105 fahrenheit, n’ukuvuga degres Celsius zirenga 40. Abanyagihugu basabwe kuguma mu mazu yabo kugira ntibahure n’ibibazo vy’amagara yabo.

Ubu bushuhe bwatanguriwe kuwa mbere n’imiyaga y’ibihuhusi hamwe n’imvura nyinshi muri ivyo bice bibangamiwe. Abantu barenga 400.000 bamaze umuhingamo wo ku musi wa kabiri batagira umuyagankuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG