Indege ya mbere yari gukura abimukira ba mbere mu Bwongereza ikabimurira mu Rwanda yasibijwe kuri uyu wa kabiri ku munota wa nyuma.
Igitigiri ca mbere c’abari kuza n’indege ya mbere cavuye kw’130 kigabanywa gushika ku ndwi kuri uyu wa kabiri, hanyuma ku munota wa nyuma nta n’umwe yemerewe itike yo kwurira indege kubw’ingingo ya sentare ya Buraya ijejwe agateka ka muntu.
Sentare ya Buraya ijejwe agateka ka muntu ivuga ko ata cemeza kihari ca kazoza k’abo bimukira mu bijanye n’amategeko, mu gihe bazoba bari mu Rwanda.
Iyi ngingo ije guca inkokora reta y’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Borris Johnson, inyuma y’aho umushikiranganji wiwe w’imigenderanire, Liz Truss, ashimangiye ko uko bigenda kwose, na bake babwirizwa kuja mu Rwanda.
Iyi sentare ifise icicaro muri Strasbourg mu Bufaransa yafashe iyindi ngingo yihuta nk'iyo yo kubuza ko umugabo w’umuyaIraki asubizwa muri Iraki kuko ashobora kuborezwa igufa. Yasavye kurindira gushika amasentare yo mu Bwongereza afashe ingingo ya nyuma mu bijanye n’amategeko, ingingo yitezwe mu kwezi kw’indwi.
Care4Calais ishirahamwe ry’abagiraneza rikorana n’impunzi mu Bwongereza, Ubufaransa no mu Bubirigi ryavuze ko iyi ngingo ishobora gufatwa no kuri aba bandi bateguwe gutwara mu Rwanda.
Reta y’u Rwanda yaramiriye kure abanegura u Rwanda ko atari igihugu gikwiye kwimurirwamwo abo bimukira kuko runegurwa ko rutubahiriza agateka ka muntu.
Abanyaporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi mu Rwanda baribajije nimba kuzana abo bimukira ari ingingo ibereye bivanye n’igitigiri kinini c’urwaruka rushomereye mu Rwanda. Muri abo harimwo madamu Victoire Ingabire, umukuru w’umugambwe DALFA Umurinzi.
Facebook Forum