Uko wahagera

Sentare ya ONU Ibona ko Atakibuza ko Felicien Kabuga Aburanishwa


Sentare ya ONU yavuze kuri uyu wa mbere ko Felicien Kabuga, yagirizwa gutanga amafaranga yafashije muri jenoside yo mu 1994 mu Rwanda ata kibuza ko aburanishwa. Yavuze ko ukumuburanisha kubwirizwa gutangura vuba bwango i LaHaye mu Buholande.

Iyo sentare yavuze ko abamuburanira batashoboye kwerekana ko Kabuga atobasha guhagarara imbere y’intahe. Ni inyuma y’aho abashingwamanza biwe bari basavye ko kumuburanisha biba birahagaze ku mvo z’amagara.

Kabuga yafatiwe i Paris mu Bufaransa, kw’itariki ya 16 y’ukwa gatanu, umwaka wa 2020 inyuma y’imyaka 25 aronderwa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko yagirizwa kuba yarafashije gushinga umuhari w’abarwanyi w’interahamwe, wagirizwa urupfu rw’abarenga 800.000.

Kabuga, w’imyaka 87, apfungiwe i LaHaye, aho arindiriye kuburanishwa n’urwego MICT rwasubiriye Sentare mpuzamahanga mpanavyaha yari yashiriweho u Rwanda, TPIR.

Kabuga, yahoze arongoye Radio Television Libre des Mille Collines (RTLM), yahamagarira kwica Abatutsi. Yagirizwa n’urwego MICT ivyaha vya Jenocide, guhamagarira gukora jenoside hamwe n’ivyaha ku kiremwa muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG