Uko wahagera

Sudani: Imishamirano y'Abadasangiye Ubwoko Bapfa Amatongo Yahitanye 100


Itana mu mitwe hagati y’amoko kubera amatati y’amatongo yarahitanye abatu 100 mu kiringo c’indwi imwe gusa muri Sudani.

Toby Harward ayobora ibiro vya ONU bijejwe kwitaho impunzi muri ico gihugu. Avuga ko iryo tana mu mitwe ryabaye hagati y’abarabu n’abanyafrika mu kigwati ca Kulbus mu burengero bw’intara ya Darfur. Imigwi y’abarabu bitwaza ibigwanisho yagavye igitero catumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunga.

Abkar al-Toum umwe mu bayobozi muri ako gace avuga ko mu bishwe batoye imivyimba y’abantu 62 bahiriye mu bigwati 20 vyaturiwe n’abo barwanyi. Asigura ko hariho abantu benshi batamenya neza amarengero yabo. Avuga kandi ko abakoze igitero bafashe amasoko y’amazi ivyo bica bituma ubuzima bw’abanyagihugu butoroherwa na gato. Abbas Mustafa, umwe mu bategetsi b’ako karere, amenyesha ko harungitswe abajejwe umutekano.

Umukozi wa ONU, Harward, asaba ko abanyagihugu bakingirwa n’umugwi ataho uhengamiye. Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, avuga ko ubwicanyi bubandanije, abarimyi batazobasha kuja ku kivi bigatuma bahomba umwimbu.

Ubwicanyi buriko buba muri Sudani mu gihe ico gihugu gisanzwe kidatekanye kuva habaye kudeta yakuye ku butegetsi Prezida Omar al-Bashir mu mwaka wa 2019. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG