Uburusiya bwatangaje ko imfashanyo y'igitoro, imiti n’umwavu w’ikizungu bigenewe Uburundi biri mu nzira bija muri ico gihugu. Uwuserukira Uburusiya mu Burundi yabitangarije i Bujumbura kuri uyu wa mbere. Yasiguye ko ari mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri.
Igihugu c’Uburusiya catangaje ko ubu kiriko kirarondera abandi bagenzi ku migabane itandukanye y’isi cane cane Afrika kuko Abanyabulaya n’Abanyamerika batagicana uwaka nk’uko uwuserukira ico gihugu mu Burundi yabivugiye i Bujumbura kuri uyu wa mbere.
Umuhinga mu vy’imigenderanire yabwiye Ijwi rya Amerika ko ubwo bucuti bushobora gutuma imigenderanire itosekara hagati y’Ibihugu vya Bulaya n’Uburundi bisanzwe vyarafatiye ibihano bikomeye Uburusiya kubera intambara yo muri Ukraine.
Mu kwezi kwa kane, Uburundi bwari bwashigikiye intambara muri Ukraine mu kwiyamiriza ibihano ibindi bihugu vyagira bifatire Uburusiya mu nama nkuru ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu. Gervais Nibigira, asanzwe ari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu abona ko imfashanyo y'Uburusiya ku Burundi ari uburyo bwo gushimira Uburundi.
Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda