Isirayeri yasavye abanyagihugu bayo bari muri Turukiya gutahuka bidatevye, abipfuza kujayo nabo ibahanura kuhirinda.
Umushikiranganji w’imigenderanire ya Isirayeri n’ayandi makungu, Yair Lapid, abicishije mw’itangazo yasomeye kuri tereviziyo ya reta, yaburiye abanyagihugu babo bari muri Turukiya canke abipfuza kujayo ko bashobora guhura n’akaga ko kugirirwa nabi na Irani.
Isirayeri yemeje ko ibitero yise ivy’iterabwoba bishobora kugabwa na Irani ku banyagihugu bayo bari muri Turukiya, bizotumberezwa ku bari mu ngendo zo kuruhuka, mu ntumbero yo kubica no kubanyuruza. Umushikiranganji Lapid yagabishije Irani ayibwira ko uwuzogirira nabi umunyagihugu wa Isirayeri atazobivamwo amarembe. Yagize ati: “ Aho azoba ari hose, tuzohigura.”
Yair Lapid yavuze ko abajejwe umutekano wa Isirayeri bakingiye ubuzima bw’abanyagihugu babo batari bake muri ndwi ziheze, yongera ashimira Reta ya Turukiya uruhara yabigizemwo. Lapid nta makuru arenze aho ku bijanye n’ubwo butabazi yatanze. Yamara, umwe mu bajejwe gucungera umutekano muri Isirayeri yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ko Turukiya imaze guta muri yompi abakekwa gukorera iperereza rya Irani batari bake.
Icuka kibi hagati ya Irani na Isirayeri cunyuwe muri ino misi n'igandagurwa ry'umukoloneli wo muri Irani yishwe mu kwa gatanu arashwe n'abantu babiri bari kw'i pikipiki. Irani yemeza ko abagandaguye nyakwigendera yarasiwe mu muduga wiwe, bambuka muri Isirayeri, igahiga ko ibwirizwa kwihora. Isirayeri ntihakana canke ngo yemere kugira uruhara mw'igandagurwa rya Koloneli Hassan Sayad Khodai. Muri kahise, uyu mukoloneli yagirijwe na Isirayeri kugandagura abantu bayo batari bake abasanze mu bihugu bitandukanye.
Facebook Forum