Uko wahagera

Kongo Yarekuye Abasirikare b'u Rwanda Yari Imaze Iminsi Ipfunze


Prezida w'u Rwanda Paul Kagame n'uwa Kogo Felix Tshisekedi

Igisirikare c’u Rwanda gitangaza ko abasirikare babiri baco bari bamaze iminsi bafungiwe muri Kongo barekuwe. Mw’itangazo rigufi RDF yacishije ku rubuga rwayo rwa internet, yavuze ko izo ntwazangabo zibiri z’u Rwanda zagarukanywe mu gihugu cazo amarembe.

RDF muri iryo tangazo yavuze ko iyi nkuru ari iyo kwishimira, yongera ishima utwigoro dutandukanye twakozwe mu ntumbero yo kurekuza abasirikare bayo. Muri iryo tangazo, igisirikare c’u Rwanda cumvikanishije ko barekuwe inyuma y’ibiganiro vyabaye hagati y’abakuru b’ibihugu vya Angola, Kongo n’u Rwanda.

Abasirikareb babiri b’u Rwanda barekuwe bari bafashwe igenekerezo rya 28 ukwezi guheze kwa gatanu. U Rwanda mu gihe ruvuga ko bafatiwe mu mirimo yabo yo gukizura bisanzwe, Kongo yo yemeza ko ahubwo ugufatwa kwabo ari ikimenyetso sindamusiga c’uko abasirikare b’u Rwanda “bari muri Kongo gufasha umurwi w’abawanyi wa M23.” U Rwanda rwamirira kure ibi vyagiriji, rukavuga ahubwo ko Kongo ifasha abarwanyi ba FDLR barwanya ubutegetsi bw’u Rwanda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG