Perezida mushasha wa Somaliya yimitswe mu mabanga kuri uyu wa kane, aca yemerera abanyagihugu kugarukana amahoro mu gihugu casinzikajwe n’intambara hamwe n’uruzuba. Ibi vyatumye abanyesomaliya ibihumbi amajana bata ingo zabo baja kuronderera ubuzima ahandi.
Hassan Sheikh Mohamud yimitswe nk’umuperezida w’10 wa Somaliya mu birori vyitabiriwe n’abantu barenga 1.000. barimwo abaperezida babiri b’ibihugu bibanyi, abashikiranganji ba mbere babiri hamwe n’abadiplomate 100.
Mohamud, w’imyaka 66, yatowe kw’itariki ya 15 y’ukwa gatanu. Yemereye abanyagihugu kuzogarukana ishusho nziza y’igihugu mu makungu, kwubaka imigenderanire myiza n’isi hamwe no guharanira amahoro no kunywanisha abanyagihugu.
Bugize gatatu haba ukubisikanya ku butegetsi mu mahoro muri Somaliya. Ni inyuma y’imyaka igihugu kiri mu bihe vy’indyane za poritike inyuma y’intambara yo mu 1991 hagati y’abenegihugu, yakuye ku butegetsi Mohamed Siad Barre.
Mu bakuru b’ibihugu bitabiriye iyimikwa ryiwe, harimwo Perezida Ismail Omar Guelleh wa Djibouti, Uhuru Kenyatta wa Kenya, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed n’uwa Misiri, Mostafa Madbouly.
Facebook Forum