Uko wahagera

Uburusiya Bwagiriza Ubutaliyano Gukwiragiza Amakuru Aburwanya


Inyuma yaho Ubutaliyano bwagirijwe ko ibinyamakuru vyabwo bikwiragiza amakuru agwanya Uburusiya ku ntambara na Ukraine, bwahamagaje umuserukizi w’Uburusiya mu gihugu cabo kwisigura.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa AFP ritanganza ko umushikiranganji w’Ubutaliyano yavuze ko bahamagaje umuserukizi w’Uburusiya mu butaliyano Sergey Razov mu ntumbero yo kugira bahagarike ivyiyumviro bafise vy’uko ubutaliyano bufise intumbero yo kugwanya igihugu c’Uburusiya.

Umutegetsi m’ubushikiranganji bw’ubutaliyano, Ettore Francesco Sequi, ariyamiriza yivuye inyuma imvugo zo kwandagaza abategetsi b’inzego z’Ubutaliyano n’iz'ibinyamakuru vyabo bavuzwe nabi mw’ijambo ryashikirijwe n’umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’amahanga.

Guhamagaza umuserukizi w’uburusiya bije bikurikira urwandiko rwashizwe ku rubuga rwa facebook y’ubuserukizi bw’Uburusiya m’Ubutaliyano, rurimwo amajambo amwe amwe yari muri raporo ubushikiranganji bw’Uburusiya bwanditse buvuga ko “Abanyagihugu b’Uburusiya bararegerwa uburenganzira bwabo” mu mahanga.

Muri urwo rwandiko kuri facebook, uburusiya buriyamiriza ivyo bita amakuru ahengamye yo kurwanya igihugu cabo kuva mu kwezi kwa kabiri intambara na Ukraine itanguye. Uburusiya buvuga ko ayo makuru ahengamye atuma abataliyano bagira ivyiyumviro bitari vyiza kubarusiya.

Ejo ku musi w’Imana Luigi Di Maio umushikiranganji w’Ubutaliyano ajejwe imigenderanire n’amahanga we yavuze ashimitse yuko ibinyamakuru “vyavuze ivyabaye, ko Uburusiya bwakoresheje ama misile 2000 muri Ukraine, abana 200 barapfa”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG