Uko wahagera

OMS Yemeza ko Abahitanwa na Corona muri Afurika Bagabanutse


Matshidiso Moeti, umuyobozi w’ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika,

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, ritangaza ko ibitigiri vy'abantu bapfa bahitanywe n'ikiza ca Covid-19 muri Afrika vyagabanutse ku rugero ruri hafi y'ibice 94 kw'ijana muri uyu mwaka w'i 2022 umuntu abigereranije n'umwaka urangiye w'i 2021.

Umwaka w’i 2021 ni wo wihaye inkumbi kurusha iyindi muri Afrika. Ikiza ca Covid-19 caje mu kibanza c’indwi mu vyahitanye abantu benshi, gatoyi musi ya malariya. Matshidiso Moeti, umuyobozi w’ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika, amenyesha ko mu mwaka uheze abantu bagera ku 970 bahitanywe na Covid-19 uko umusi utashe.

Ibitigiri vy’abahitanywe na Covid-19 vyagananutse bivuye ku kwiyongera kw’ibitigiri vy’abacandazwe, no ku buryo bwo guhangana neza kurushiriza n’ico kiza. Ibitigiri vy’abahitanywe na Covid-19 biratandukanye mu turere dutandukanye two muri Afrika. Abantu bahitanywe na Covid-19 mu bihugu bitunze n’ibihugu vyo muri Afrika yo mu bumanuko biyongeye incuro zibiri umuntu abigereranije n’urugero rw’abahitanywe n’ico kiza mu bihugu bikenye mu bindi bice vyo muri Afrika.

Vyitezwe ko abantu 23.000 bahitanwa n’ico kiza mu mpera z’uyu mwaka niyo ibintu vyaguma uko biri muri iki gihe. Naho ibihugu vyo muri Afrika vyagize ibibazo mu ntango ku bijanye n’ukuronka incanco, mu gihe ibihugu bitunze vyari vyazigungiyeko, muri iki gihe vyinshi muri ivyo bihugu birafise incanco zihagije. Yamara bifise ibibazo vy’ukwumvisha abanyagihugu kuzifata. Mu mpamvu harimwo kugonawa n’uburyo bugorana bw’uguzishikiriza abanyagihugu.

Mu mpera z’ukwezi kwa gatanu umugabane wa Afrika watangaje ko abantu imiliyoni 11 n’ibihumbi 800 banduye Covid-19, ikaba yahitanye abarenga 250.000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG